Uburusiya bwahagaritse abanonotsi bane

irina maracheva
Image caption Umunonotsi Irina Maracheva yararonse umudari w'ifeza mu nkino za Buraya

Ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burusiya(ROC) zahagaritse abanonotsi bane bagirizwa gukoresha imiti ibongerereza inguvu.

Abahagaritswe ni uwatsindite umudari w’ifeza mu nkino mpuzamakungu za Buraya, Irina Maracheva, yahagaritswe ikiringo c’imyaka ibiri.

Uwundi munonotsi yiruka ni Anna Lukyanova na we nyene yahagaritswe imyaka ibiri.

Iryo shirahamwe kandi ryahagaritse Maria Nikolaeva na Yelena Nikulina imyaka ine .