Liverpool mu rukino rwa nyuma rwa Capital One

liverpool vs stoke Uwufise ububasha kw’isanamu reuters
Image caption Liverpool mu rukino rwa nyuma rwa Capital One inyuma yo gutsinda Stoke City 6-5

Liverpool yatsinze urukino rugira kabiri rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma rw’igikombe ca Capital One, mu rukino rwabahuje na Stoke City.

Liverpool yatsinze Stoke ibitsindo 6-5 kuri penalty, inyuma y’iminota mirongo icenda y’urukino, aho uwo mugwi watsinzwe igitsindo kimwe, igitsindo catsinzwe na Marko Arnautvic wa Stoke.

Iyo migwi yose yaciye inganya igitsindo ku kindi kuko mu mukino wa mbere Liverpool nay o yari yatsinze kimwe ku busa.

Umukinyi w’inyuma Marc Muniesa ni we yahushije penalty ya nyuma ya Stoke yakuwemwo n’umunyezamu Simon Mignolet, mu gihe umukinyi wo hagat Joe Allen ari we yatsinze penalty ya nyuma y’intsinzi.

Liverpool irindiriye abazotsinda hagati y’uwundi mukino w’igice ca kabiri gishira ica nyuma hagati ya Man City na Everton. Everton ni yo yatsinze mu rukino rwa mbere 2-1.