Man City na Liverpool mu rukino rwa nyuma

man city vs everton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Man City mu rukino rwa nyuma na Liverpool rwa Capital One inyuma yo gutsinda Everton

Umugwi wa Man City ubaye umugwi wa kabiri umenyekanye uzoja mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Capital One, inyuma yo gutsinda Everton ibitsindo 3-1.

Everton ni bo batanguye kwinjiza Man City, aho umukinyi wo hagati Ross Barkley yinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 18.

Umukinyi wo hagati yamuka muri Brezil, Fernandinho ni we yaciye yinjiza igitsindo co kwishura ku munota wa 25.

Kevin De Bruyne ni we yinjije igitsindo ca kabiri ahawe umupira na Raheem Sterling, hanyuma Sergio Aguero Kun, atsinda igitsindo ca nyuma ca gatatu.

Muri urwo rukino rwa mbere rwari rwabereye ku kibuga ca Goodson Prk, Everton yari yatsinzwe ibitsindo 2-1.

Man City bazokina na Liverpool mu rukino rwa nyuma ruzoba itariki 28 ku kibuga ca Wembley.