Van Gaal ntashobora gutanga imihoho

man united Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Man United imaze gutsinda inkino zitatu ku nkino cumi na zitatu

Umumenyereza wa Man United, Louis Van Gaal, yavuze ko ata mugambi afise wo gutanga imihoho, no kwiyamiriza yivuye inyuma inkuru nkizo zakwiragijwe mu bimenyeshamakuru.

Man United bamaze gutsinda inkino zitatu gusa mu nkino 13 bakinye muri iyi misi ya vuba.

Van Gaal n’abakinyi biwe, barazomerewe n’abakunzi b’uwo mugwi inyuma yo gutsindwa 1-0 na Southampton, ku wa gatandatu ari na ho haciye hasubira kuba urukurukuru rw’uko ashobora gutanga imihoho.

“Ni ubwa gatatu kwirukanwa(mu bimenyeshamakuru) ariko ndacari ngaha,” ni ko Van Gaal yavuze.

Man United bari mu kibanza ca gatanu, amanota cumi inyuma yas Leicester ya mbere, mu gihe hasigaye inkino 15.