Urwanda rwasezerewe mw'ihiganwa rya Chan

chan rdc
Image caption RDC yaronse uburenganzira bwo kuja muri kimwe ca kabiri muri Chan inyuma yo gutsinda Urwanda 2-1

Umugwi Amavubi w’Urwanda, uravuye mw’ihiganwa uteye muri kimwe ca kane, utsinzwe na RDC 2-1, mu rukino rutari rworoshe namba.

Umugwi wa Congo ni wo watanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 11, cinjijwe n’umukinyi Gikanji Doxa.

Igice ca mbere carangiye ari kimwe ca RDC ku busa bw’Urwanda.

Mu gice kigira kabiri, umugwi w’Urwanda wagarutse mu kibuga wazikenyeye, amavubi yabaye amavubi, Ernest Sugira ahejeje gucenga abakinyi batatu binyuma ba RDC, yinjiza igitsindo ca mbere c’Urwanda.

Iminota mirongo icenda yarangiye iyo migwi yose inganya igitsindo ku kindi, babongera iminota 30.

Ku munota wa 114, ni ho Botuli Bompunga wa RDC yinjiza igitsindo kigira kabiri c’uwo mugwi.

Urukino rwarinze rurangira ari 2-1 , Urwanda ruba rurasezeye ihiganwa rugarukiye mu gice ca kane gishira ica nyuma.