Samatta agiye gukinira Genk mu Bubiligi

mbwana samatta

Ahavuye isanamu, Samatta Twitter

Insiguro y'isanamu,

Mbwana Samatta yaronse agahembo k'umukinyi wa mbere mwiza akinira ku mugabane wa Afrika

Umukinyi w’imbere w’igihugu ca Tanzania, Mbwana Samatta, yerekanywe nk’umukinyi mushasha w’umugwi wa Genk w’Ububiligi.

Samatta yagiye muri uwo mugwi uri mu cicero ca mbere mu Bubiligi avuye mu mugwi wa TP Mazembe, wo mu gihugu ca RDC.

Samatta yaronse agashimwe k’umukinyi mwiza mu mwaka 2015 akinira ku mugabane wa Afrika, yashize umukono ku masezerano azorangira mu mwaka 2019-2020.

Uwo mukinyi w’imbere w’imyaka 23, amaze gutsindira ibikombe bitandatu akinira TP Mazembe, harimwo n’igikombi c’imigwi yabaye iyambere iwabo muri Afrika mu mwaka 2015.

Amaze gukinira umugwi nserukiragihugu wa Tanzania incuro 20, yinjiza ibitsindo 7.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, Samatta yagize ati:”Nagiye ku mugaragaro muri KRC Genk, ndindiranye igishika iki gihe gishasha mu buzima bwanje.”

Yashimiye nyene umugwi TP Mazembe, Moise Katumbi, hamwe nabakunzi bose b’uwo mugwi, kuba baramushigikiye.