Pep Guardiola muri Manchester City

Uwufise ububasha kw’isanamu All SPort

Ikipe ya Manchester City yo mu Bwongereza yatangaje ko Pep Guardiola azaba umutoza wayo mushya iyi shampiyona nirangira.

Uyu mugabo ukomoka muri Espagne yasinye amasezerano y'imyaka itatu azatangira igihe azasimburira Manuel Pellegreni utoza iyi kipe muri kino gihe akaba akomoka muri Chile.

Guardiola yagize ibihe byiza muri Barcelona no mu ikipe ya Bayern Munich atoza ubungubu.

Yatangaje mu kwezi kwa 12 ko azava muri Bayern iyi shampiyona nirangira