Barcelone yanyagiye Valencia ibitego indwi

barcelone vs valencia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Messi yatinze ibitego bitatu, Luis Suarez na we bine

Umugwi wa Valencia umenyerezwa n’uwahoze ari umukinyi wa Man United, watsinzwe bimwe bikomeye na Barcelone mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’umwami(Copa del Rey), ibitsindo 7 vyose.

Urwo rukino ni urwa mbere rwabereye ku kibuga ca Nou Camp.

Luis Suarez yatsinze ibitsindo bine, mu gihe Lionel Messi na we atsinze bitatu.

Neymar yarananiwe gutsinda penalty.

Valencia yasonzwe cane n’umukinyi wabo w’inyuma Shkodran Mutsafi, yakiniye nabi Messi, bituma aca asohorwa mu kibuga.

Neville ntaratsinda urukino na rumwe mu nkino umunani amaze guhagararira, kuva agiye muri ico kibanza mu kwezi kwa 12.

Neville yari yagarutse kuri ico kibuga aho igihe yari agikina yaharonkeye intsinzi ikomeye cane.

Igihe yari agifise imyaka 24, yari mu mugwi wa Man United, watahukanye igikombe c’imigwi yabaye iya mbere iwabo, inyuma yo guhura na Bayern Munich, mu rukino rwa nyuma rwabereye aho Nou Camp, mu 1999.

Inyuma y’urwo rukino, Neville yavuze ko ari umwe mu misi yamushavuje cane mu buzima bwiwe bw’umupira w’amaguru.