Everton yatsinze, Chelsea iranganya

chelsea vs watford Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Chelsea yakwije inkino indwi idatsinze na rimwe

Umugwi wa Chelsea urakwije inkino indwi udatsinda mw’ihiganwa ryo mu bwongereza, inyuma yo kunganya ubusa ku bundi na Watford.

Diego Costa yahatswe gutsinda mu gice ca mbere, ariko atera inyuma, mu gihe Etienne Capoue yateye mu minwe y’umunyegoli wa Chelsea, Thibaut Courtois.

Heurelho Gomes, yarakoze akazi gakomeye mu kugarura umupira wari utewe n’umutwe na Costa, akoresheje ukuboko, aba yimye igitsindo umugwi wa Chelsea mu minota ya nyuma.

Chelsea baduze ikibanza kimwe, ubu bari mu kibanza ca 13 n’amanota 29, mu gihe Watford irusha amanota ane Chelsea.

Mu rundi rukino, Everton batsinze ubwa mbere bari ku kibuga cabo kuva mu kwezi kwa 11, mu gutsinda Newcastle.

Igitsindo ca mbere ca Everton cinjijwe na Aaron Lennon.

Ross Barkley yaciye yinjiza ibindi bitsindo bibiri biciye kuri penalty, iya kabiri yavuye kw’ikosa Jamaal Lascelles yaciye ahabwa ikarata itukura.

Abo basore ba Roberto Martinez bagiye mu kibanza ca 11, mu gihe Newcastle na bo bagumye mu kibanza ca 18.