Leceister yatsinze Man City 3-1

leicester city Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakunzi b'umugwi wa Leicester City

Umugwi uza kw’isonga ubu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, Leicester, batangaje abo begeranye cane muri iryo higanwa, Manchester City, inyuma yo kubatsinda 3-1 ku kibuga ca Etihad, bituma baca babasiga amanota atandatu yose.

Robert Huth yatsinze corner yari itewe n’umukinyi akomeye cane w’uwo mugwi, Mahrez, kib kibaye igitego ca mbere.

Mahrez yatsinze igitsindo kigira kabiri mu gihe Huth yatsinze ikigira gatatu, biba ibitsindo 3-0, imbere y’uko Sergio Aguero wa Man City atsinda igitego kimwe c’uwo mugwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Raheem Sterling

Leicester yaheruka gutsinda Tottenham iri mu kibanza ca gatatu, ariko intsinzi ikomeye n’iyi ya City.

Leicester City ubu ifise amanota 28.