Chelsea na Man United, haca uwambaye

chelsea vs man utd Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Man United

Ku musi ugira uwa 25 w’ihiganwa ryo mu Bwongereza, umugwi wa Arsenal urahura mu kanya na Bournemouth, hanyuma Man United na yo baza gupima inguvu na Chelsea.

Arsenal ubu iri mu kibanza ca kane, mu gihe yotsinda Bournemouth yoca inganya amanota na Tottenham ubu iza mu kibanza ca kabiri, n’ukuvuga amanota 48, ariko bakarushanya gusa ibitsindo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Biranuganugwa ko Mourinho ashobora gusubirira Van Gaal mu kumenyereza Man United

Na yo Man United ya Louis Van Gaal, ubu binuganugwa ko ashobora gusubirirwa na Jose Mourinho aherutse kwirukana muri Chelsea, n’aho yotsinda urukino rw’uyu musi rubahuza na Chelsea, boguma mu kibanza barimwo ca gatanu, n’amanota 40.