Chelsea na Man United banganije, Arsenal iratsinda

wayney rooney Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Wayney Rooney

Imigwi ya Chelsea na Man United itishimiwe n’abakunzi bayo ubu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza yanganije 1-1 mu rukino rwabahuje uyu musi.

Mu rundi rukino, umugwi wa Arsenal watsinze Bournemouth ibitsindo 2-0 bituma uca uduga mu kibanza ca gatatu inyuma ya Tottenham.

Man City uheruka guha akazi k’ubumenyereza Pep Guardiola, uri mu kibanza ca kane, mu gihe umukeba wayo Man united baza mu kibanza ca gatanu.

Chelsea bafise igikombe co mu mwaka uheze, bari mu kibanza ca 13 n’amanota 30