WADA irega Kenya kudakurikiza amasezerano

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanonotsi bo muri Kenya bashobora kubuzwa kuja mu nkino za Olympique

Ikigo kijejwe gukumira ikoreshwa ry'imiti yongera inguvu mu kunonora imitsi, WADA, kivuga ko Kenya yananiwe kwubahiriza amasezerano y'inyifato.

Ibigo vya Kenya bijejwe inkino vyari vyabwiwe ko hoshika uno munsi vyerekanye ko biriko birakora ibishoboka vyose mu kurwanya abanonotsi biba.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko Kenya ubu izoca ishirwa ku rutonde rw'ibihugu bireretswe ijisho, ihabwe amezi abiri kugira ihindure atari uko ifatirwe ibihano bishobora kubamwo kubuzwa kuja mu nkino za Olympique.

Hari abanonotsi b'abanye Kenya bapimwe basanga bafashe imiti yongera inguvu.

WADA kandi yavuze ko itewe impungenge n'uko hari abayobozi muri Kenya basavye abanonotsi igiturire kugira babagabanirize igihano.