Kenya ihagurukiye ubusuma mu kunonora imitsi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kenya yiyemeje kurwanya igiturire mu mukino wo kunonora imitsi

Kenya igiye gushira imiriyoni zitanu z'amadolari mu mugambi wo kurwanya abanonotsi bafata imiti yongera inguvu bafatirwe n'ibihano ruhasha.

Ivyo bihano bizoshobora kubamwo igifungo c'imyaka itatu ku wufashwe yakoresheje iyo miti.

Ibi bitangajwe nyuma y'aho ico gihugu kinaniriwe kurangura ivyasabwe n'ikigo mpunzamakungu kijejwe kurwanya imiti yongera inguvu mu kunonora imitsi, WADA, vvo gukora ibikwiye kugira harwanywe igiturire muri urwo rukino.

Icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, yavuze ko igihugu ciyemeje kurwanya iyo miti, anavuga ko umugwi w'igihugu uzoja mu nkino Olympique z'i Rio.

Abanonotsi b'abanye Kenya mirongo ine barahagaritswe mu nkino kuva mu 2011.