Man Utd ushobora kuba umugwi wa mbere winjije amahera menshi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umugwi wa Man United iri munzira yo kuba umugwi wa mbere mu Bwongereza kwinjiza amahera menshi ashika ku gice c’umuliyoni w’ama pounds ku mwaka umwe.

Uwo mugw wabandanije uronka amahera menshi, uyu mwaka akazova kuma pounds imiliyoni 500 ashike ku miliyoni 510, akaba ata mugwi n’umwe mu Bwongereza wari bwinjize amahera nkayo.

Amahera baronse mu gice ca kane c’umwaka yashitse kuma pounds 133.8, n’ukuvuga ko yongeyeko ibice 26.6 ugereranije n’umwaka uheze.

Amahera ava mu matangazo yongerekanye ibice 31.3 kw’ijana, ayo mu gice kane kigira kabiri akaba yaduze kuva miliyoni 1.6 ashika kuri pounds imiliyoni 37.4.

Hari kandi urukurukuru ruvuga ko Man United izohindura umumenyereza wayo ihiganwa rirangiye, asubirizwe na Jose Mourinho.