Barcelone yanyagiye Celta De Vigo

spain barcelone Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Barcelone ni yo ubu iza kw'isonga n'amanota 57

Umugwi w’umupira w’amaguru wa Barcelonre ejo watsinze Celta De Vigo ibitego 6-1, mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru muri Espagne.

Ivyo bitsindo vyinjijwe na Lionel Messi, Luis Suarez, Ivan Rakitic na Neymar da Silva Santos Junior; Lionel Messi akaba yatsinze ibitsindo bitatu vyose.

Uretse urwo rukino, mu zindi nkino, Getafe yatsinzwe na Atl Madrid 1-0, Real Sociedad batsinda Granada CF 3-0 hanyuma Sevilla itsinda Palmas 2-0.

Ubu Barcelone ni yo iri mu kibanza ca mbere n’amanota 57, igakurikirwa na Athletico Madrid n’amanota 54, ikibanza ca gatatu ni Real Madrid ifise 53, Villarreal iri mu kibanza ca kane, hanyuma mu kibanza ca gatanu ni Sevilla n’amanota 40.