John Terry ntakina mu rukino ruza guhaza Chelsea na PSG

chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption JohnTerry ashobora no kudakina ku w'Imana mw'ihiganwa rya FA aho bazohura na Man City

Umukinyi kizigenza wa Chelsea John Terry, ntazokina urukino rwo mu gice ca 16 gishira ica nyuma rw’imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo rubahuza n’umugwi waa Paris St-Germain, rubahuza uyu musi.

Terry ubu yaravunitse.

Umumenyereza wa Guus Hiddink avuga ko uwo mugwi ushobora gukina neza n’aho atarimwo.

Uwo mukinyi w’inyuma w’imyaka 35 ntiyajanye n’abandi mu gihugu c’Ubufaransa ku musi wa gatatu.

Yababaye igihe Chelsea yatsinda Newcastle 5-1 mw’ihiganwa ryo mu bwongereza ku musi wa gatandatu.

Terry yaragize imyimenyerezo buhoro buhoro ku musi wa mbere, ariko ntiyashoboye kujana n’abandi kubera ico uwo mugwi wise “ingorane zito z’imitsi no kw’ivi”.

Umukinyi wo hagati wo muri Bresil, Oscar, yahora yaravunitse na we, yagarutse muri uwo mugwi umenyerezwa na Guus Hiddink, ari kumwe n’abandi bakinyi b’inyuma Matt Miazga na Jake Clarke-Salter.

Umukinyi w’imbere wa Bresil, Alexandre Pato na we nyene ntiyagiye mu Bufaransa, mu gihe umunye Serbia Nemanja Matic na we nyene ataza kuja muri urwo rukino kubera ari mu gihano.

Mu Mugwi PSG, abakinyi Zlatan Ibrahimovic, Thiago Motta na Thiago Silva, bari baruhutse mu mpera z’iyinga mu rukino rwabahuje na Lille, baraza gukina. Urwo rukino rwarangiye banganya 0-0.

PSG ubu uri imbere mu gihugu c’Ubufaransa, ntuzoba ufise umukinyi wo muri Cote d’Ivoire, Serge Aurier, yahagaritswe gukina n’uwo mugwi inyuma y’aho avugiye amajambo mabi ku mumenyereza w’uwo mugwi, Laurent Blanc.