Cristiano Ronaldo yashavujwe n'ikibazo

real madrid Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cristiano Ronaldo

Umukinyi w’imbere wa Real Madrid, Cristiano Ronaldo, yavuye mu kibanza yariko aratangiramwo ikiganiro ashavuye, inyuma y’aho abarijwe igitigiri c’ibitsindo amaze kwinjiza mu nkino zibera mu bindi bihugu muri uyu mwaka.

Ronaldo w’imyaka 31, amaze gutsinda ibitego 32 muri uyu mwaka, ariko ntaratsindira ahandi kuva mu kwezi kwa 11.

“Ni nde wundi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi hanze kunsumvya kuva ndi ngaha muri Espagne?” Ni ko Ronaldo, amaze gutsinda ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya yabajije.

“Vuga umukinyi umwe gusa amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi kunsumvya. Nta nyishu? Sawa. Urakoze.” Aca arigira.

Ronaldo yariko yariko aravugana n’abamenyeshamakuru imbere y’urukino rwo ku wa gatatu ruza guhuza Real Madrid na Roma ku kibuga ca Stadio Olimpico.

Mu kwezi kwa 12, uwo munye Portugal yabaye umukinyi wa mbere akwije ibitsindo 10 mu nkino zo gukuranamwo.

Igitsindo ca 11 yagitsindiye hanze ariko mu nkino 4 zakurikiye nta gitsindo yinjije.