Mu nkino za UEFA, Man City yatsinze Dynamo Kiev 3-1

man city vs dynamo kiev
Image caption Man City atsinze Dynamo Kiev 3-1

Inkino zo gukuranamwo z’imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo zirabandanya ku mugabane wa Buraya, aho haraye habaye izindi nkino zibiri. Umugwi wa Man City watsinze Dynamo Kiev ibitsindo 3-1.

Ibitego vya Man City muri urwo rukino vyinjijwe na Sergio Aguero ku munota wa 15, David Silva ku munota wa 40 mu gihe igitsindo kigira 3 cinjijwe na Yaya Toure ku munota wa 90.

Ku ruhande rwa Dynamo Kiev, igitsindo cabo kimwe rukumbi cinjijwe na Vital Buyal-sky ku munota wa 58.

Mu rundi rukino, PSV Eindhovein bari ku kibuga cabo bahiguye na Atletico Madrid, aho barinze batandukana ata n’umwe yinjije uwundi.

Izo nkino zizobandanya itariki 8 z’ukwezi kwa gatatu, 2016, aho Real Madrid bazonyinyurana na FC Roma, VFL Wolf-Sburg na yo ikazokina na KAA Gent.