Umumenyereza Oliseh wa Nigeria yatanze imihoho

nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Sunday Oliseh

Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Nigeria, Sunday Oliseh yatanze imihoho, inyuma y’amezi umunani agiye muri ico kibanza.

Uwo mukinyi wa kera wa Super Eagles, yagirije ishirahamwqe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu ca Nigeria, NFF, ko ryanse kumuriha amahera bamufitiye.

Nta co iryo shirahamwe, abategetsi baryo bari mu rugendo I Zurich mu gikorwa co gutora umukuru wa FIFA, rirabivugako.

Oliseh yamenyesheje ko atanze imihoho ku rubuga rwiwe rwa twitter.