Umunonotsi Abeba yahagaritswe vy'agateganyo

suede Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aregawi

Umunonotsi wa mbere kw’isi mu kwiruka imetero 1500, Abeba Aregawi yahagaritswe vy’agateganyo kuja mu nkino nk’izo, inyuma yo gufatanwa imiti imwongerereza inguvu.

Uwo munonotsi wo muri Ethiopia, yavukiye muri Suede afise imyaka 25, bamusanzemwo uwo muti inyuma yo gupimwa n’ishirahamwe ry’abanonotsi mpuzamakungu, IAAF.

Abeba yarahiganiwe Ethiopia mu nkino za Olympique zo mu 2012, ariko aza gutangura guserukira Suede mu nyuma muri uwo mwaka nyene amaze kuronka ubwenegihugu.

Uguhagarikwa kwiwe bisigura ko ikibanza ciwe mu bazoja guserukira Suede mu nkino za Olympique harimwo ikibazo.

Akanama ka Olympique muri Suede, kamaze guhagarika imfashanyo kahora gaha uwo munonotsi.

Ibindi bisa n’ibi