Ranieri: Tottenham ishobora gutwara igikombe

leicester Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Umumenyereza wa Leisester City, Claudio Ranieri abona ko Tottenham ishobora gutwara igikombe

Umugwi wa Tottenham ni wo ufise amahigwe wo gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza, nk’uko bivugwa n’umumenyereza wa Leicester Claudio Ranieri.

Tottenham ubu bari bari inyuma ya Leicester amanota abiri, mu gihe basigaje inkino 11, ntibari bwigera baja imbere ku mu ndwi ya mbere yo mu 2009-2010.

Ariko uwo yigeze kumenyereza umugwi wa Chelsea, Ranieri, umugwi wiwe uzohura na West Brom ku musi wa kabiri, yemeza ko uwo mugwi wo mu gisagara ca Londres ushobora kurangiza imyaka 55 wari umaze urindiriye kugira utware ico ico gikombe.

“Tottenham barakmeye muri vyose,” uko ni ko uwo mutaliano avuga.

Tottenham bashobora gutsinda West Ham ku musi wa gatatu.

Arsenal iri inyuma ya Tottenham amanota atatu mu kibanza ca gatatu, ikaba irusha amanota ane Man City iza mu kibanza ca kane.

Ibindi bisa n’ibi