Chelsea mu kibanza c'umunani

norwich
Image caption Norwich bamaze gutsindwa inkino umunani mu nkino icenda baherutse gukina

Norwich baraye biboneyeko mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, mu gutsindwa na Chelsea bari ku kibuga cabo ca Carrow Road.

Norwich batsinzwe 2-1 muri urwo rukino rwo ku wa kabiri ku mugoroba, mu gihe Chelsea ibandanya iduga irongowe n’umumenyereza Guus Hiddink.

Umukinyi w’inyuma wa Chelsea, Kenedy yatsinze igitego ari ku metero 20 uvuye kw’izamu, inyuma y’amasegunda 39 gusa y’urukino.

Kibaye igitsindo ca mbere cinjiye cihuse mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza uyu mwaka.

Diego Costa ni we yinjije igitsindo kigira kabiri imbere y’amasegunda make ngo baje kuruhuka.

Cameron Jerome yateye umupira ku mwamba imbere y’uko Nathan Redmond yinjiza ariko ico gitsindo ciwe nticatumye batahukana intsinzi, bukaba bubaye ubugira umunani batsindwa mu nkino icenda.

Mu gihe Norwich iguma imanuka, Chelsea yo iguma iduga ubu ikaba ishitse mu kibanza c’umunani, bukaba bubaye ubwa mbere bagiye mu kibanza co hejuru kuva ku ndwi ya mbere y’ihiganwa uyu mwaka.

Bakinye inkino 12 mw’ihiganwaa ryo mu Bwongereza badatsinze na rimwe.

Norwich bazohura na Swansea, babarusha amanota atatu, ku musi wa gatandatu mu gihe Chelsea bazoba bariko barakinira iwabo na Stoke, ku musi ugira umunani imbere y’uko bakina urukino rwo kwishura mu gice ca 16 gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere wabo ruzobahuza na Paris St-Germain.

Ingene inkino zagenze ku musi wa kabiri:

 Aston Villa 1-3 Everton

 Bournemouth 2-0 Southampton

 Leicester 2-2 West Brom

 Norwich 1-2 Chelsea

 Sunderland 2-2 Crystal Palace

Ibindi bisa n’ibi