Liverpool yikuye mu vyara vya Palace

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Liverpool yatsinze Crystal Palace ku buryo butazigwa na benshi

Liverpool yatsinze Crystal Palace kuri penaliti yo ku munota wa nyuma kandi yari ifise umukinyi umwe yahawe ikarata itukira.

Liverpool yaciye utahukana intsinzi ya 2-1 yakuye ku kibuga ca Palace.

Rutahizamu wa Liverpool, Christian Benteke, yaguye igihe yakurikirwa na Damien Delaney wa Crystal Palace ashaka kumwaka umupira, aca ahaguruka aza kwinjiza penaliti nziza cane.

Palace niyo yari yatanguye ku gitsindo ca Joe Ledley ku munota wa 48, umunkinyi wa Liverpool James Milner arasohorwa aronse ikarata y'umuhondo ya kabiri ku munota wa 62.

Kunyerera bidasanzwe kw'umunyegoli wa Palace, Alex McCarthy, kwahaye Liverpool igitsindo co kwishura, cinjijwe na Roberto Firmino.

Gutsindwa kw'ikipe ya Alan Pardew, gutumye imara imikino 12 ya Premier League ata ntsinzi ironse.

Ibindi bisa n’ibi