Vital'o yaraye yirahiye Messager Bujumbura

burundi
Image caption Abakinyi ba Vitalo mu rukino rwabahuje na Lioli yo muri Lesotho aho batsinzwe 1-0

Mw’ihiganwa rya Primus League ryo kuri uyu w’Imana Vital’o yatsinze Messager Bujumbura 3-0, LLB na yo itsinda Interstar 2-0

Mu rundi rukino, Olympic Muremera banganije na Athletic 1-1.

Mu zindi nkino zari zabaye ku musi wa gatandatu, Flambeau de l’Est yatsinze Les Elephants 5-1, Muzinga banganya na Bujumbura City 0-0, co kimwe na Messager Ngozi batandukanye na les Crocos ari 0-0, nay o Nyanza Utd batsinda Olymic Star 3-0.

Gushika ubu, Vital’o ni yo iza kw’isonga n’amanota 64, Messager Ngozi iya kabiri n’amanota 52, mu kibanza ca gatatu ni Muzinga n’amanota 41.

Muri iryo higanwa abakinyi bamaze kwinjiza ibitego vyinshi ni Laudit Mavugo n’ibitsindo 27 hamwe na Shassir Nahimana afise ibitsindo 14.

Ibindi bisa n’ibi