Arsenal irakina na Hull mu gikombe ca FA

arsenal vs hull
Image caption Arsenal iriko irakina na Hull

Vyitezwe ko Hull City na Arsenal baza guhindura abakinyi babo bahora babanza mu kibuga , mu rukino rwo gusubiza rw’igikombe ca FA, ku musi wa kane.

Arsenal baza kuja gukinira I Hull inyuma y’aho banganirije 0-0 mu rukino rwabahuje ku kibuga ca Emirates.

Abakinyi ba Hull City bose bameze neza, mbere Shaun Maloney na Nick Powell ni bo baza gutangura mu kibuga.

Petr Cech na Laurent Kolscieny bose baravunitse amaguru, ntibaza kuja muri urwo rukino mu gihe Francis Coquelin we ari mu gihano.

Abo basanze abandi hanze nka Jack Wilshere yababaye ku kuguru, Tomas Rosicky yababaye kw’itako na Santi Carzola yababaye ku kuguru, Alex Oxlaide Chamberlain, na we nyene yababaye ku kuguru na we nyene ntaza gukina.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abakinyi ba Hull

Arsenal iriko iragerageza gutwara igikombe ca FA ku ncuro ya gatatu, ntibaratsinda mu nkino zitano baheruka gukina mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, mu gihe Hull bari mu kibanza ca gatatu mu cicero ca mbere inyuma yo gutsinda urukino rumwe mu nkino zitanu bamaze gukina.

Abaza gutahukana intsinzi muri urwo rukino, bazoca bahutra na Watford mu gice ca kane gishira ica nyuma c’ico gikombe.

Ibindi bisa n’ibi