Umukunzi wa Leicester yatahukanye £72,000

Ahavuye isanamu, Getty
Umugwi wa Leicester watangaje benshi mu kuba uri kw'isonga gushika ubu
Umukunzi umwe wa Leicester City, yari afise akaryo ko gutahukana amahera y’ama pounds 250,000 mu gihe uwo mugwi wotwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza, yahisemwo kugurisha umutahe wiwe hakiri kare.
Uwo mukunzi wa Leicester yari yashese amapounds 50, ubu uwo mutahe yagurishije 72,000.
Uwo mugabo ava I Waewickshire, yanse kuvuga izina ryiwe, yikuye mw’ihiganwa ku musi wa gatandatu.
Iyo yarindira yarindira gato, yari kuronka amapounds 91,000 inyuma y’aho Leicester itsindiye Watford 1-0.
Uwo mukunzi wa Leicester ntiyicuza:”Bizoba bifise akamaro kanini cane kuri jewe nitwahukana intsinzi ry’iri higanwa, kuri ivyo rero nta kugira ipfa ry’amahera.”
Ahavuye isanamu, Reuters
Umukinyi wa Leicester Mahrez n'umumenyereza Ranieri
Yavuze ko azobandanya akurikirana inkino zizokurikira.
“Ibintu birahinduka cane. Na Chelsea ishobora kuduga mu bibanza bine vya mbere mu misi ya nyuma,” n’uko yavuze.
Afise umugambi wo kuriha inzu yari yafashe ideni akoresheje ayo mahera, hanyuma ayasigaye aje mu karuhuko mu gihugu ca Espagne.