Real Madrid na Wolfsburg mu gice ca kane

real madrid Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Real Madrid

Imigwi ya Real Madrid na VFL Wlfsburg ibaye imigwi ya mbere irindiriye kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Real Madrid, bariko barakinira ku kibuga cabo ca Santiago Bernabeu batsinze As Roma 2-0, ibitsindo vyinjijwe na Cristiano Ronaldo, yinjije igitsindo kigira 40 muri uyu mwaka, mu gihe igitego ca kabiri cinjijwe na James Rodriguez.

Madrid babandanije ihiganwa bafise ibitsindo 40 bwa As Roma, kuko no mu rukino rwa mbere rwari rwabereye mu Butaliano bari babatsinze 2-0 nyene.

Mu budagi na ho, umugwi wa VFL Wolfsburg batsinze Kaa Gent 1-0, igitsindo cinjijwe n’umukinyi w’imbere Andre Schurrle, mu gihe mu rukino rwa mbere Wolfsbug bari batsinze 3-2.

Ibindi bisa n’ibi