Aguero azova muri City muri 2019

man city Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sergio Aguero

Umukinyi w’imbere w’umugwi wa Man City, Sergio Aguero yavuze ko azova muri uwo mugwi amaseerano bafitaniye arangiye.

Uwo mukinyi w’umunye Argentine afise amasezerano y’imyaka itanu n’umugwi wa Man City azorangira mu mwaka 2018-2019.

Amaze gutsindira uwo mugwi ibitego 128 kuva agiye muri uwo mugwi avuye muri Atletico Madrid ku mapounds imiliyoni 38 mu mwaka 2011, akaba amaze no gutahukana intsinzi kabiri kose y’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Aguero ubu afise imyaka 27yabwiye radio imwe mu gihugu ca Argentine ko ata nkeka ko azosubira mu mugwi wiwe wa mbere Independente igihe azoba ashaka guhagarika gukina.

“Aha City barazi ico nshaka gukora, barazi ko nshaka kuzosubira muri Argentine”, ni ko yongeyeko.

Ibindi bisa n’ibi