Ibrahimovic agiye kuva muri PSG

psg Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakinyi ba PSG

Umukinyi w’imbere rurangiranwa wo muri Suede Zlatan Ibrahimovic, yavuze ko ashobora kuva mu mugwi wa Paris St Germain, muci riza.

Ivyo yabivuze inyuma y’aho afashirije uwo mugwi wiwe gutwara igikombe ubugira kane ku musi w’Imana.

Ibrahimovic yatsinze ibitego bine mu rukino rwabahuje na Troyes batahukanye intsinzi ya 9-0, PSG ica itahukana ikibanza ca mbere mu gihe hasigaye inkino umunani.

Uwo mukinyi w’imyaka 34 yabwiye beIN Sports:” Ubu(uko ibintu bimeze n’uko), sinkoba nkiri mu mugwi PSG mu mwaka uza. Ubu ndacafise ukwezi n’igice wo kuguma hano.

“Bohindura umunara wa Eiffel, mu kibanza c’aho bakahashira igishusho canje, aho noca ndahaguma.”

Vyagumye bivugwa ko Ibrahimovic ashobora kuja gukina muri Man United canke muri Amerika na Canada (MLS).

Uwurongoye umugwi wa PSG, Nasser Al-Khelaifi yavuze ko yipfuza ko Ibrahimovic yoguma muri uwo umugwi, amasezerano yiwe arangiye mu kwezi kwa gatandatu.

Ibrahimovic yinjije ibitego 27 mu nkino 24 muri uyu mwaka, muri rusangi yinjije ibitego 102 mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Ibindi bisa n’ibi