Leicester yirahiye Newcastle

leicester Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Shinji Okazaki ni we yinjije igitego ca Leicster

Umugwi wa Leicester City bongereje amahigwe yo gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma yo gutsinda Newcastle.

Leicester batsinze Newcastle bari barongowe n’umumenyereza mushasha Rafael Benitez, 1-0.

Shinji Okazaki ni we yatsinze ico gitego kimwe rukumbi, ku buhinga bukomeye ku munota wa 25.

Leicester City bariko baregereza kuba aba mbere muri uyu mwaka, mu gihe hasigaye inkino umunani gusa.

Vyaragaragaye ko Newcastle bari baje bazikenyeye, mbere bakaba barahakije kwinjiza incuro zibiri zose, babifashijwe mwo n’abakinyi Ayoze Perez na Moussa Sissoko, ariko babura amahirwe.

Imbere y’uko urwo rukino rutangura, umumenyereza wa Leicester, Claudio Ranieri, yarahakanye kwemeza ko ari bo bahabwa amahigwe yo gutahukana intsinzi muri uyu mwaka.

Yagumye avuga koi co bobo batumbereye ari kuja mu nkino za Europa League.

Image caption Shinji ariko arinjiza

Abakinyi ba Ranieri ubu barusha amanota 12 Man City na 11 Arsenal, bigatuma benshi bavuga ko intambara yo kurwanira ikibanza ca mbere ubu iri hagati y’abo na Tottenham iza mu kibanza ca kabiri.

Ku mugwi wa Newcastle, inkino zibiri zimirije zirakomeye cane nibaba badashaka gukorokera mu cicero ca kabiri.

Bimirije gukina na Sunderland ku w’Imana hanyuma bakine na Norwich itariki 2 z’ukwezi kwa kane.

Leicester bazohura na Crystal Palace ku wa gatandatu.

Urukino rukurikira rwa Leicester City: Ku wa gatandatu 19 Machi 2016

Crystal Palace v Leicester 18:00 Ku wa Mungu 3 Aprili 2016

Leicester v Southampton 16:30 Ku wa mungu 10 Aprili 2016

Sunderland v Leicester 16:30 Ku wa Mungu 17 Aprili 2016

Leicester v West Ham 16:30

Ibindi bisa n’ibi