Ababa muri Aleppo muri Syria bugarijwe n'ibitero
Ababa muri Aleppo muri Syria bugarijwe n'ibitero
Abantu batari munsi 15 bishwe kuri uyu wa gatatu abandi benshi barakomereka mu bitero vyo mu kirere vyagabwe ku muji wa Aleppo, mu turere turi mu minwe y'abarwanyi.
Muri ino minsi abanyagihugu baho bakomeje kwizizirwa n'ibitero vy'indege, aho ingabo z'ico gihugu n'izo Abarusiya ziomaze igihe zimijagira ibisasu.
Ivyo bisasu vyahitanye abantu 126, nayo ku ruhande rwo mu burengero bw'umuji, ibitero vy'abarwanya leta bihitana abarenga 50.
Abanyagihugu ba Aleppo ntibagira uruhande bahungirako