Amatora mu Burundi 2020

Amatora mu Burundi 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Amatora mu Burundi 2020

Ku tariki 20/05/2020, abarundi bose bakwije imyaka isabwa n'amategeko bazitabira amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka hamwe n'abajenama b'amakomine.

Abo bajenama b'amakomine nibo bazoca batora abakenguzamateka.

Inzego zizova muri aya matora zizokwisunga ibwirizwa shingiro rishasha ryatowe mu mwaka uheze, u Burundi bukazosubira kugira umushikiranganji wa mbere nka kimwe muri bishasha.

Hakurikijwe kandi iryo bwirizwashingiro, umukuru w'igihugu azoja amara ibiringo bibiri gusa vy'imyaka indwi kimwe kimwe.

Aya matora azitabirwa n'abakandida indwi bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, bagizwe n'abaserukiye imigambwe hamwe n'abitoza ku giti cabo.

Ushaka kumenya ivy'ingenzi kuri ano matora, tugusavye kuza uraza kuri uru rubapuro.