Got a TV Licence?

You need one to watch live TV on any channel or device, and BBC programmes on iPlayer. It’s the law.

Find out more
I don’t have a TV Licence.

Gutangaza ikibiriraho

Amasaha yose ni ayo muri UK

  1. Imiliyoni z'abantu bakurikiye ibirori

    Iyimikwa rya Trump yakurikiranywe ku mbonerakure n'imiliyoni z'abantu ku isi. 

    Abakurikirana ibirori vy'iyimikwa
    Abakurikirana ibirori
  2. Obama na Michele basezeye ibirori

    Obama n'umutambvukanyi wiwe yahora ari "First Lady" buriye kajugujugu ya gisirikare yabatwaye ahitwa Andrews Air Force Base.

    Aho ni ho buririra indege ibajana i California mu karuhuko. 

    Igihe yagenda yasezeye akora mu minwe Trump n'umutambukanyi wiwe ashimira n'abajejwe umutekano wiwe. 

    Joe Biden na mukiwe bo bategekanya kwurira gariyamoshi ibatwara mu ntara y'amavuko Delaware aho bashika inyuma y'amasaha abiri.

  3. Kino ni igihugu canyu

    Mu ijambo yashikirije Trump yagize ati: "Uno munsi ni uwanyu, nimwe mukwiye guhimbarwa, reta zunze ubumwe za Amerika ni igihugu canyu. Abagabo n'abagore b'igihugu cacu ntibacibagiwe. Umwumwe wese abateze amatwi muri kino gihe. Igihambaye si ukumenya umugambwe ugenzura reta ahubwo ni ukumenya ko igihugu kigenzugwa n'abanyagihu."

  4. Donald Trump ahejeje kurahira

    Umukuru w'ubutungane wa Amerika, John Roberts, ni we yarahije Donald Trump. 

  5. Ivy'akakanyaIcegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yarahiye

    Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yarahiye imbere y'isinzi ry'abantu. Umukuru wa sentare ntahinyuzwa Clarence Thomas ni we yamurahije. "Kezwa," niko Justice Thomas yavuze.  

  6. Trump ashobora guharanira ubumwe

    Prezida aheruka gutorwa Donald Trump ashobora guhindura imforo agaharanira ubumwe bw'abenegihugu naho yagiye arasohora amajambo y'ivangura. Imyiyerekano iri hirya no hino irerekana ko biciyemwo imice.

    Prezida yatowe Donald Trump n'uwo asubiriye Barack Obama
  7. Imyiyerekano ishobora gutandukira Canada

    Ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika i Montreal vyasohoye itangazo rijanye n'umutekano ku benegihugu ba Amerika, bubaburira ko hari imyiyerekano itegekanywa muri ico gisagara.

    "N'imyiyerekano isanzwe yokozwe mu mahoro ishobora kuvukamwo amakimbirane ikavamwo ubwicanyi. Mukwiye kwirinda ibibanza vy'imyiyerekano, murikanure mushikiriye imirwi minini y'abantu, niy'abagumuka," uko niko ubuserukizi bwarungitse ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi.

    Muri Canada imyiyerekano y'abiyamiriza Trump irategekanijwe ku munsi wa gatanu no ku wa gatandatu. 

    Abari mu myiyerekano
  8. Abari mu myiyerekano bamenye ibiyo

    Uruhagarara rwatanguye kuduga mu duce dutandukanye tw'umurwa mukuru wa Amerika. Abihaye amabarabara basheshe umucafu mu mabarabara, bamena n'ibiyo vy'amaduka. Abari mu myiyerekano baririmba indirimbo zigwanya Trump bongera babuza abantu kuja mu kibanza c'ibirori. Abashigikiye Trump nabo bazomera abo bagumutse.  

  9. Iruhande yivyo birori abandi bateguye imyiyerekano

    Abanyagihugu bipfuza ko urumogi rwo mu bwoko bwa "cannabis" rwemegwa rugafatwa ku mugaragaro bamye barutanga baruha abaje mu birori. Reta ya Washington yaremeje ko marijuana ifatwa ku mugaragaro mu mwaka wa 2014 ariko ubutegetsi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika buracahana abarufata bukaba nabwo nyene butazi ingene Trump azotorera inyishu ico kibazo.   

  10. Ibikorwa vya nyuma mu kibanza Capital Hill

    Intebe zapanzwe mu kibanza Capital Hill

    Mu kibanza ibirori vyo kwimikwa biberamwo hafi ya Capital Hill, intebe zateguwe mu gihe ibirori vyo kwimika biriko biregereza. 

    Korare y'aba Mormon Tabernacle

      Korare y'abaririmvyi bo mw'ishengero "Mormon Tabernacle" bari mu batumiwe na Trump mu baja kuririmba muri ivyo birori.     

  11. Trump ariko arabonana na Obama

    Trump yinjiye mu biro vy'umukuru w'igihugu White House ahejeje kuramutswa na prezida agiye gusubirira hamwe n'umutambukanyi wiwe. 

     Prezida aheruka gutorwa yaramukije abasirikare b'aba Marines bacunze irembo rya White House munyuma arafotorwa. Muri kino gihe bari mu cumba "Blue Room" aho basangira icayi n'ikawa. 

     "Ni vyiza kukubona. Kezwa", Obama niko yabwiye Trump n'umutambukanyi wiwe Melania. 

     "Birahimbaye," niko Trump yavuze.

  12. Mwiriwe

    Tugiye kubashikiriza inkuru zitandukanye zijanye n'ukwimikwa kwa prezida mushasha Donald Trump

    Prezida yatowe Donald Trump hamwe n'umutambukanyi wiwe Melania
    Image caption: Prezida yatowe Donald Trump hamwe n'umutambukanyi wiwe Melania