Got a TV Licence?

You need one to watch live TV on any channel or device, and BBC programmes on iPlayer. It’s the law.

Find out more
I don’t have a TV Licence.

Gutangaza ikibiriraho

Amasaha yose ni ayo muri UK

  1. Turabasezeye musigare aharyana!

    Hano niho turangirije kubashikiriza amakuru yerekeye amatora ya kabiri mu gihugu ca Kenya.

  2. Ingene vyari vyifashe i Kibera mu mafoto

    Amafoto yafashwe uno munsi arerekana ingene abanyagihugu bakenye kurusha abandi mu gisagara bo muri karitiye ya Kibera bari bahanganye n'abajejwe umutekano kuri uno munsi w'amatora.

    Kibera icumbikiye abanyagihugu barenga umuliyoni, ikaba ariyo ya mbere irimwo abayoboke benshi ba Raila Odinga kizigenza w'urunani NASA.

    Abanyagihugu ba Kibera bahanganye n'igipolisi
    Image caption: Abanyagihugu ba Kibera bahanganye n'igipolisi
    Abanyagihugu ba Kibera bahanganye n'igipolisi
    Image caption: Abanyagihugu ba Kibera bahanganye n'igipolisi
    Bamwe mu banyagihugu barondeye uburyo bwo kwivuna abajejwe umutekano
    Image caption: Bamwe mu banyagihugu barondeye uburyo bwo kwivuna abajejwe umutekano
    Abajejwe umutekano bari barikanuye
    Image caption: Abajejwe umutekano bari barikanuye
    Bamwe mu banyagihugu barondeye uburyo bwo kwivuna abajejwe umutekano
    Image caption: Bamwe mu banyagihugu barondeye uburyo bwo kwivuna abajejwe umutekano
  3. NASA ivuga ko kwunguruza amatora ataco bihindura

    Inyuma yaho akanama kajejwe amatora IEBC kamenyeshereje ko kungururije amatora ku munsi wa gatandatu mu ntara zine kubera imvo z'umutekano, abarongoye NASA bamenyesheje kw'ivyo ata na kimwe bizohindura.

    Umukenguzamateka akongera akaba n'umuhanuzi wa NASA mu vy'amategeko, James Orengo yabishikirije ku mugoroba muri "studios" za BBC i Nairobi:

    "Sinibaza kw'amatora yo ku wa 28 Ukwezi kwa 10 hari ico afasha ku y'uno munsi, nibaza ko ata gihinduka. Utwo ni uturere abantu baho batanezerewe, atari ukubera amatora akozwe ariko kubera ivyashikirijwe ko bivuye mu matora yo kw'itariki 8 Ukwezi kw'umunani. Ano matora yarapfuye. Mu gihugu cose abayitavye ni bake, kuri jewe bino nkabisigura kwari nko gukura icizere kuri Perezida Uhuru Kenyatta."

    Uwurongoye IEBC Wafula Chebukati yavuze ko amatora azosubigwamwo mu ntara zine zo mu burengero bw'igihugu, Kisumu, Homa Bay, Migori na Siaya.

    James Orengo ni umukenguzamateka avuka mu ntara ya Siaya.

    James Orengo, umuhanuzi mu vy'amategeko wa NASA
    Image caption: James Orengo, umuhanuzi mu vy'amategeko wa NASA
  4. Umukuru wa IEBC Wafula Chebukati yunguruje amatora

    Umukuru wa IEBC Wafula Chebukati yungururije amatora ku munsi wa gatandatu mu turere twabayemwo ingorane uno munsi.

    Bwana Chebukati yavuze ko amatora ahamagawe kandi mu ntara za Homa Bay, Kisumu, Migori na Siaya.

    Yasiguye kw'ikibazo c'umutekano muke catumye adakogwa ariko bikavugwa ko n'ibikoresho bitashoboye gushika mu bibanza vy'amatora.

    Izo ntara ziri mu karere kagwiriyemwo abayoboke b'urunani rutavuga rumwe n'ubutegetsi NASA rurongowe na Raila Odinga.

    Uwo munyapolitike yamenyesheje ku munsi wa gatatu ko agiye gutanguza umuhari wo guhabuza abanyagihugu no kugwanya ubutegetsi bwa Prezida Uhuru Kenyatta.

    Abayoboke biwe bazindutse uno munsi bazibira amabarabara n'amabuye, bongera baturira amapine.

    Abantu babiri bakaba aribo bapfuye nkuko Bulamatari w'intara yavuze, asigura ko bagiye kubagandarira ku kiringo c'iminsi indwi.

    Amakuru ava murako karere avuga ko bandi batanu bakomeretse.

    Umukuru wa IEBC Wafula Chebukati
    Image caption: Umukuru wa IEBC Wafula Chebukati
    Abiyamirije amatora i Kisumu, bononye amabarabara
    Image caption: Abiyamirije amatora i Kisumu, bononye amabarabara
  5. Umuntu umwe yishwe i Kisumu

    Niburiburi umuntu umwe yapfuye, abandi batanu barakomeretswa n'abajejwe umutekano mu karere ka Kisumu, kagwiriyemwo abayoboke b'urunani NASA rugwanya ubutegetsi, rurongowe na Raila Odinga.

    Umunyamakuru wa BBC ari murako karere, Emmanuel Igunza, yavuze kw'igipolisi cakoresheje ivyuka vya gazi n'amasasu y'ukuri mu gushwiragiza abariko bariyamiriza amatora y'uno munsi.

    George Odhiambo w'imyaka 19, yajanywe ku bitaro vy'i Kisumu avirirana, acikana ariko aravugwa.

    Umuganga wo kuri ivyo bitaro yabwiye BBC ko Odhiambo yatakaje amaraso menshi, inyuma yaho arasiwe ahaba mu gisagara.

    Uwo bavukana yabwiye BBC kw'igihe iryo bara ryaba, ko bari hanze bakurikirana imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

    Mu makuru yashitse bugorovye, avuga ko hoba hapfuye abantu babiri, ivyo bikaba vyashikirijwe na Bulamatari w'intara, asigura ko bagiye kubagandarira ku kiringo c'iyinga.

    Bivugwa ko hari abandi bantu batanu bakomeretse.

    Abapolisi barashe amasasu y'ukuri
    Image caption: Abapolisi barashe amasasu y'ukuri
  6. Umucamanza mukuru David Maraga yatoye

    Umucamanza mukuru David Maraga yatoreye aho aturuka Nyamira aherekejwe n'umutambukanyi wiwe.

    Bwana Maraga niwe yatumye amatora ya mbere agigwa impfagusa asigura ko yaranzwemwo amakosa menshi n'ibindi bitatunganijwe neza.

    Yarabuze abacamanza bakwiye mu rubanza rwari gutuma amatora yigizwa imbere.

    Umucamanza mukuru David Maraga yagize impfagusa amatora ya mbere kubera amakosa yabaye, yatoye
    Image caption: Umucamanza mukuru David Maraga yagize impfagusa amatora ya mbere kubera amakosa yabaye, yatoye
    Umucamanza mukuru David Maraga yaherekejwe n'umutambukanyi wiwe gutora
    Image caption: Umucamanza mukuru David Maraga yaherekejwe n'umutambukanyi wiwe gutora
  7. Prezida Uhuru Kenyatta akwije 56 ku munsi w'amatora

    Amatora ya kabiri y'umukuru w'igihugu abaye ku wa 26 Ukwezi kwa 10, ashitse igihe umukuru w'igihugu ari ku butegetsi Uhuru Kenyatta ashikanye imyaka 56.

    Prezida Uhuru Kenyatta asa n'uwutamba wenyene mu matora y'uno munsi mu kuba adafise umuntu w'ijunja bahangana, yasavye ashimitse kw'isango ry'ano matora ritokwunguruzwa.

    Televiziyo yigenga KTN yasohoye ifoto y'umuhungu yambaye umupira wo kumwipfuriza isabukuru ryiza.

    Umwana w'umuhungu yambaye umupira w'isabukuru rya Prezida Uhuru Kenyatta
    Image caption: Umwana w'umuhungu yambaye umupira w'isabukuru rya Prezida Uhuru Kenyatta
  8. Abanyagihugu bazibiye ibarabara ahitwa Bangladesh i Mombasa

    Abanyagihugu bazibiye ibarabara ahitwa Bangladesh i Mombasa, mu ntumbero yo kubuza abaja kurangura igikogwa co gutora.

    Bahavuye bahangana n'igipolisi carondera kubashwiragiza.

    I Mombasa abanyagihugu benshi ntibagiye gutora baja muvyo kuzibira amabarabara
    Image caption: I Mombasa abanyagihugu benshi ntibagiye gutora baja muvyo kuzibira amabarabara
    Igipolisi gihanganye n'abanyagihugu ahitwa Bangladesh i Mombasa
    Image caption: Igipolisi gihanganye n'abanyagihugu ahitwa Bangladesh i Mombasa
    Abanyagihugu baba i Bangladesh ntitavye amatora
    Image caption: Abanyagihugu baba i Bangladesh ntitavye amatora
  9. Abantu babiri barashwe barakomeretswa i Kisumu

    Igipolisi carashe amasasu y'ukuri mu gisagara ca Kisumu gihangana n'abayoboke ba Raila Odinga bazibiye amabarabara.

    Umumenyeshamakuru wa BBC Emmanuel Igunza ariyo, yavuze ko abantu babiri barashwe barakomereka ku matama.

    Abo bahuye n'ivyago n'abahungu b'imyaka 15 na 21, baciye bajanwa mu bitaro.

    Abagarariza i Kisumu baturirira amapine mw'ibarabara canke bakayarundamwo amabuye
    Image caption: Abagarariza i Kisumu baturirira amapine mw'ibarabara canke bakayarundamwo amabuye
    Abanyagihugu ba Kisumu baturiye amapine, basatura n'ibarabara
    Image caption: Abanyagihugu ba Kisumu baturiye amapine, basatura n'ibarabara
    Igipolisi carekuya amasasu y'ukuri
    Image caption: Igipolisi carekuya amasasu y'ukuri
  10. Ni abakenya bake bitavye amatora i Dar es Salaam na Arusha muri Tanzania

    Abakenya bari ku rushi nibo bitavye amatora i Dar es Salaam na Arusha mu biro vy'ubuserukizi bwa Kenya.

    Umwe mu bashitse gutora, Faith Wambui Njogu, yabwiye BBC ko anezerejwe no kuba yaranguye ico gikogwa.

    Amafoto ari munsi yerekana ingene vyari vyifashe mu gisagara ca Dar es Salaam:

    Faith Wambui avugana na BBC
    Image caption: Faith Wambui avugana na BBC
    Ahategekanijwe ibiro vy'amatora
    Image caption: Ahategekanijwe ibiro vy'amatora
    Abihebeyimana bayitavye
    Image caption: Abihebeyimana bayitavye
    Abakozi ba IEBC bahagarariye amatora
    Image caption: Abakozi ba IEBC bahagarariye amatora
    Ubushikirizi bwa Kenya i Dar es Salaam
    Image caption: Ubushikirizi bwa Kenya i Dar es Salaam
  11. Ntabitavye amatora mu turere twa Mandera na Turkana

    Nta bantu bitavye amatora mu turere twa Mandera na Turkana, mu buraruko bw'igihugu, tugwiriyemwo abayoboke b'urunani NASA, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

    Mu bibanza vy'amatora i Mandera na Turkana, hagaragara
    Image caption: Mu bibanza vy'amatora i Mandera na Turkana, hagaragara
    Uturere twa Mandera na Turkana tugwiriyemwo abayoboke ba NASA itavuga rumwe n'ubutegetsi
    Image caption: Uturere twa Mandera na Turkana tugwiriyemwo abayoboke ba NASA itavuga rumwe n'ubutegetsi
  12. Abayoboke ba Raila Odinga baturiye amapine i Kisumu

    Mu turere twinshi tw'intara ya Kisumu ivukamwo Raila Odinga, kizigenza w'imigambwe iri mu runani NASA rutavuga rumwe n'ubutegetsi, abanyagihugu bugarije amabarabara, baturira n'amapine.

    Umumenyeshamakuru wa BBC Alistair Leithead yadutumiye ifoto:

    Abanyagihugu ba Kisumu bugarije amabarabara
    Image caption: Abanyagihugu ba Kisumu bugarije amabarabara
  13. Ivyondo n'imyuzure vyabujije amatora kugenda neza

    Ivyondo n'imyuzure vyabujije amatora kugenda neza na cane cane gushikana ibikoresho mu bibanza vy'amatora. Amakuru ava mu kinyamakuru Daily Nation

    View more on twitter
  14. Perezida Uhuru Kenyatta yatoreye aho avuka mu ntara ya Gatundu

    Ahejeje gutora Perezida Uhuru Kenyatta yabwiye abamenyeshamakuru ko ari igihe cuko abanyagihugu bihitiramwo uwubarongora, ubuzima bukabandanya.

    Uwo bari guhangana w'ijunja Raila Odinga yikuye mu matora, yasavye abayoboke biwe kutaja mu matora, uno munsi bakaba bazindutse bazibira amabarabara mu turere twa Kisumu na Mombasa, nkuko amakuru avayo abivuga.

    Perezida Uhuru Kenyatta atora
    Image caption: Perezida Uhuru Kenyatta atora
    Perezida Kenyatta atorera aho avuka mu ntara ya Gatundu
    Image caption: Perezida Kenyatta atorera aho avuka mu ntara ya Gatundu
    Perezida Kenyatta aha ikiganiro abamenyeshamakuru
    Image caption: Perezida Kenyatta aha ikiganiro abamenyeshamakuru
  15. Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto mu matora

    Icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto akaba n'icegera ca Uhuru Kenyatta mu matora, yatoreye mu gisagara ca Eldoreti, mu karere ka Rift Valley kw'ishuli ry'intango rya Kosachei ry'ahitwa Turbo.

    Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto atora
    Image caption: Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto atora
    William Ruto atonze arindiriye gutora
    Image caption: William Ruto atonze arindiriye gutora
    Abanyagihugu batora kw'ishuli rya Kosachei
    Image caption: Abanyagihugu batora kw'ishuli rya Kosachei
  16. Abatora bihanganiye imvura n'imbeho i Kiambu

    Imvura n'imbeho ntivyabujije abanyagihugu bo mu ntara ya Kiambu kuja mu matora, nk'abakoreye ico gikogwa kw'ishuli rya Kimbo, Githurai 45.

    Amatora i Kiambu mu ntara yo hagati ya Kenya
    Image caption: Amatora i Kiambu mu ntara yo hagati ya Kenya
    Amatora i Kiambu
    Image caption: Amatora i Kiambu
    Uwuri mu gikogwa co gutora
    Image caption: Uwuri mu gikogwa co gutora
  17. Abanyagihugu baba Kibera bugaye amabarabara

    Amakuru ava hirya no hino avuga ko abanyagihugu baba Kibera, agace kagwiriyemwo abayoboke ba Kizigenza w'urunani NASA Raila Odinga, bugaye amabaraba mu kwanka ko abajejwe umutekano n'abakozi b'akanama kajejwe amatora bahashika.

    Ntawashobora gushika kw'ishuli rya Olympic, ikibanza kimwe abanyagihugu basabwa gutoreramwo.

    View more on twitter
  18. Amatora arabandanya mu ntara ya Nakuru

    Umumenyeshamakuru wa BBC Robert Kiptoo ari mu gisagara ca Nakuru, aho abitavye amatora baje ku bwinshi nk'abayitavye itariki 8 Ukwezi kwa 8.

    Abitavye amatora i Nakuru ni benshi nk'abo mu matora ya mbere
    Image caption: Abitavye amatora i Nakuru ni benshi nk'abo mu matora ya mbere
    Bamwe mu bakozi ba IEBC i Nakuru
    Image caption: Bamwe mu bakozi ba IEBC i Nakuru
  19. Abagendana ubumuga bigoye baraja gutora

    Abagendana ubumuga bigoye baraja gutora nk'abandi banyagihugu naho bitaba vyoroshe.

    Abagendana ubumuga mu matora
    Image caption: Abagendana ubumuga mu matora
    Abagendana ubumuga bitavye amatora
    Image caption: Abagendana ubumuga bitavye amatora
    Uwugendana ubumuga ahejeje gutora
    Image caption: Uwugendana ubumuga ahejeje gutora
  20. Abiyungunganya mu kubaho bakomeje imirimo

    Mu gisagara ca Nairobi, abiyungunganya mu dukogwa tubaha amahera babandanije imirimo. Abunguruza abantu ku mapikipiki baboneyeho akaryo ko kwunguruza abaja gutora.

    Uwuje gutora ahejeje gushikanwa
    Image caption: Uwuje gutora ahejeje gushikanwa
    Uwugurisha utuntu dutandukanye yasanze abatora bomushorera
    Image caption: Uwugurisha utuntu dutandukanye yasanze abatora bomushorera
    Uwuhejeje gutora yuriye ipikipiki agira atahe
    Image caption: Uwuhejeje gutora yuriye ipikipiki agira atahe