Ambasaderi Gordon Sondland yavuze ko yahawe amabwiriza na Rudy Giuliani, umunyamategeko wa Perezida Trump, ngo yotse igitutu Ukraine ikore iperereza k'uwo bahatanye Joe Biden.
Umunyamategeko Mark Zaid yabwiye televiziyo ABC ko uwo muntu wa kabiri na we yari umukozi wo mu rwego rw'ubutasi kandi ko yavuganye n'umutegetsi mukuru w'urwego rw'ubutasi.
Bwana Trump asanzwe na we ari gukorwaho iperereza rishobora kumuviramo kweguzwa, ku bivugwa ko yasabye igihugu cya Ukraine gukora iperereza k'uwo bahanganye muri politike Joe Biden.