Burundi: ubusuma n'ubwicanyi

Abasuma bateye kw'ibarabara riva mu Cibitoke
Image caption Abasuma bateye kw'ibarabara riva mu Cibitoke

Mu gaturuturu k'uyu wa mbere abasuma bafise inkoho imwe n'imipanga bategereye imodoka yunguruza abantu ahitwa mu Nyamitanga muri commune Buganda yo mu ntara ya Cibitoke.

Abari muri iyo modoka nta na kimwe basigaranye mu vyo bari bafise, amafaranga atari make akaba yahasahuriwe kuko abenshi muri bo ngo bari abadandaza bari bazindutse kuja kurangura ibintu i Bujumbura.

Ariko abagiye kuhagwa n'abanyagihugu babiri bari ku makinga bashoye imboga, baca bagira imana mbi yo kurenguka kuri abo basuma igihe bariko barasahura abari muri iyo modoka.

Muri abo banyamakinga bari batatu, umwe abasuma bamuretse ararengana co kimwe n'abari muri iyo modoka bamaze kwamburwa vyose, babibiri muri ba banyamakinga nabo babaryamika hasi babarasa amasasu menshi baca barapfa ubwo nyene.

Ngo boba bazize ko bari bazi bamwe muri abo bari bategereye iyo modoka.

Inkuru z'aho iryo bara ryabereye zivuga ko abo basuma boba baciye bajabuka Rusizi berekeza muri Congo.

Igisirikare cy'Uburundi kiravuga ko cyatabaye ariko kigasanga abo basuma bagiye.

Ubutegetsi burasaba abaturage baho kureka kuzinduka bakajya bagenda bwakeye.

Ubwicanyi

Hari haheze imyaka iryo barabara rya Bujumbura Cibitoke riri mu gahengwe kuva aho hafatiwe uwo bita Bitaryumunyu yari amaze imyaka agisibije mu gutegera imodoka yambura canke yica abazirimwo.

Mu ntara ya Bubanza ihana urubibe na Cibitike havugwa abantu batatu baraye bishwe mu bubisha butandukanye i Gihanga no muri Mpanda. Ku Mubuga muri commune Ngozi mu ntara ya Ngozi naho umukenyezi n'umwana wiwe bakaba baraye biciwe mu nzu yabo batewe grenade n'abantu bataramenyekana ata n'uwuzi icoba carabibatumye n'ubwo hari abikeka ugupfa amatongo.

Mu Rumonge mu ntara ya Bururi naho mu gitondo c'uyu wa mbere hari abantu 5 bakomerekejwe na grenade.

Aho bantyu bazize umutima wabo wo gutabara kuko bari baje kuzimya inzu yariko irasha beneyo batari hafi.

Iyo grenade yari muri iyo nzu ikaba yaturikijwe n'ubushuhe buvuye kuri uwo muriro.

Mu rusangi, uteranije igitigiri c'abantu bagiye baricwa hiryo no hino mu gihugu kuva ku wa gatandatu gushika mu gitondo c'uyu wa mbere, ntibari munsi y'umunani