Mancini ahagaritswe umutima na Newcastle

Roberto Mancini Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Roberto Mancini

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, avuga yuko urukino rwo kuwa Mungu na Newcastle rukomeye gusumvya urwa United.

City yatsinze United 1-0 ija imbere ku rutonde rw'ihiganwa ry'Ubwongereza uharuye ibitsindo, mu gihe Newcastle yiyongeye amahirwe yo kuzoja mw'ihiganwa rya Champions League mu gutsinda Chelsea 2-0.

Mancini yagize ati: "Nibaza ko uru rukino ruzoba rugoye kuri twebwe.

"Urukino rwa United rwabereye iwacu kandi twakinye neza cane ariko kugira dutsindire Newcastle iwayo nibaza ko bizogorana gusumvya."

Mu nkino zisigaye ngo ihiganwa rya Premier League rihere, City izoja gukina na Newcastle iri mu kibanza ca gatanu saa saba n'igice zo mu Bwongereza, imbere y'uko United ikina na Swansea iri ku kibanza ca 12, isaha cumi.

Mancini ahangayikishijwe cane cane n'igikenya c'umukinyi w'imbere wa Nescastle, Papiss Cisse, ubu amaze gutsinda ibitsindo 13 mu nkino 12, akaba aheruka gutsinda Chelsea bibiri vyiza cane.