Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umukuru wa Zambia Michael Sata yitavye imana

Michael Chilufya Sata, yavutse mu 1937 I Mpika, ico gihe igihugu cari kizwi nka Northern Rhodesia.

Umu katolika w'ukuri, yarabaye umupolisi,arakora kw'igakiyamoshi yongera araja mu masendika mu gihe c'ubukoloni bw'ubwongereza.

Mu nyuma ashikwa mu rwego rrwo hejuru muri politike mu myaka ya 1980.

Ntiyatevye kumenyekana nk'umukuru akora cane igihe ywtewa intara ya Lusaka.

Ariko kandi yari azwi ku nyifato yiwe yo gushaka ko aha ashize atawukurayo- yarashira abantu hasi akagira n'akarimi gakarishe ari naho yakuye itazirano ry'umwami Cobra, inzoka y'ubumara bukaze cane.

Umunyepolitike yashaka gushika kure, Sata aca yiyemeza kurondera intebe y’umukuru w'igihugu. Ayitsindira mu kw'icenda mu 2011 ubwo yari yitoje ubugira kane.

Yasubiriye Rupiah Banda n'umugambwe wiwe bari bamze imyaka 20 ku butegetsi.

Igishika ku butegetsi, yasa n'uwuje kurwanya ibiturire n'ukugwiza ubuzi n'ukubaho neza.

Ariko mu myaka yakurikiye yaciye atangura gutoteza abo batavuga rumwe muri politike hanyuma ubutunzi nabwo busubira inyuma.

Sata abaye umukuru wa Zambia agira kabiri apfuye akiri mu mabanga.