Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Araharanira kudakumira abarwaye SIDA

Mu rukurikirane rw'ibiganiro vya BBC -Abagore bo muri Afrika- muzokurikira kuva muri iyi ndwi, BBC izoha umwanya abagore babaye akarorero hirya no hino kuri uwo mugabane.

Igice ca mbere, kirimwo abakenyezi umunani bagize ibikorwa bikomeye, mu bihugu iwabo no hanze yavyo.

Uwa mbere tubabwira ni Phindile Sithole-Spong, umunya Afrika y'epfo agendana umugera wa SIDA, aharanira kurwanya ikumirwa ry'abafise uwo mugera, cane cane mu bakiri bato.