N'iki gitambamiye ibiganiro ku Burundi?

Iyo nama yabaye mu mwanya w'ibiganiro bihuza Abarundi vyari kuba vyaratanguye ejo ariko bikimurirwa ku itariki itaramenyekana.

Hagat'aho umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire Augustine Mahiga, ejo yari muri Afrika y'epfo kubonana n'umukruu w'Ubumwe bwa Afrika Dr Nkosazana Dlamini Zuma, na mugenzi we wa Afrika y'epfo Maite Nkoana Mashabane.

Ariko none ibibazo bigitambamiye umugambi w'amahoro w'Uburundi vyoba ari ibihe?

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umunyamakuru wa BBC Omar Mutasa yabibajije umushikiranmganji w'ububanyi n'amahanga wa Tanzania Augustine Mahiga mu kiganiro bagiranye ari i Pretoria