Woba wibuka umurwi 'N'akaranga'?
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Woba wibuka umurwi 'N'akaranga'?

Abakunzi b'umuziki bo mu myaka ya 1970 na 1980, abatari bake barazi indirimbo z'umurwi 'N'akaranga'.

Umuruwi 'N'akaranga' wacurarangisha ibikoresho kavukire nk'inanga, ikembe, umuduri n'ibindi.

Nakaranga wari ugizwe n'abaririmvyi 7.

Abatari bake muribaza aho abo baririmvyi bagiye, canke niba bakiririmba.

Bamwe mu bagize uwo murwi ari bo Joseph Torobeka na Anaclet Bazirinyakamwe, bagendeye studiio za BBC i Bujumbura.

Bavuga ko kuva bamaze gukukuruka, bagiye mu dukorwa twabo dutandukanye two kurondera ubuzima.

Ariko ngo barababazwa no kubona uburenganzira ku bihangano (droit d'auteur) butubahirizwa.

Bavuga ko iyo boba gutyo bataba bari mu bukene.

Ariko rero ngo ubu n'aho bari mu zabukuru, ngo bariko bariyungunganya kugirango basohore indirimbo nsha, zobafasha kwiyungunganya.

Maria Makurata ni imwe mu ndirimbo rurangiranwa z' uwo murwi, baririmvye umunyamakuru wa BBC Ines Kayange.